Irondoka n' amagara Meza

  • Home
  • Irondoka n' amagara Meza

Irondoka n' amagara Meza Twigishanya kwivura no kwikingira ingwara zitandukanye dukoresheje ibimera.

URARUSHE no gukoresha imiti myinshi   ariko ntukire?😌Hari ibanga rihishijwe mu dutabu tubiri kamwe kitwa IMITIKAMA n'aka...
22/05/2026

URARUSHE no gukoresha imiti myinshi ariko ntukire?😌

Hari ibanga rihishijwe mu dutabu tubiri kamwe kitwa IMITIKAMA n'akandi kitwa IRONDOKA N'AMAGARA MEZA turimwo amakuru menshi ahambaye cane yafashije abantu benshi kwivura bakoresheje imiti k**a📖✨.

✓ Iyigishe imiti k**a ku bibazo bitandukanye vy'umubiri,
✓ Menya ibiterwa bitandukanye n'uko bikoreshwa
✓ Rokora amahera menshi wama ukoresha ku miti izimvye
✓ Koresha imiti yoroshe cane kuronka aho muhira iwawe

⚠️ Abantu benshi baraseserejwe n'ubugwayi kandi imiti yo kubafasha iri hafi yabo... Ntube umwe muribo.

Utu dutabu si udusanzwe -- ni ubutunzi bw'amakuru meza buri muryango wose utegerezwa kuba ufise muhira 🏡🌱

📲 Niwironkere nawe agatabu ubu nyene katarazimba.

Nturindire ngo ingwara ngo igusinzikaze maze abe ariho utangura kuyironderera umuti.

👉ANDIKA UTI: " NDASHAKA UDUTABU" kuri whastapp mu gufyonda aha: wa.me/25765622246 duce tukwerekeza uko wokironka.

Kuvyara Abana 3 Warumaze Imyaka 12 Utararonka Ikibondo n'Umunezero Udasanzwe, n'Ikinyegezwa c'Imana🙏🎉.Imana nukuri ni mu...
19/05/2026

Kuvyara Abana 3 Warumaze Imyaka 12 Utararonka Ikibondo n'Umunezero Udasanzwe, n'Ikinyegezwa c'Imana🙏🎉.

Imana nukuri ni mutananirwa, n'abandi mukirindiriye ntimwihebure, ic'ingenzi ni kudacika intege maze ukabandanya ugerageza imiti itandukanye umusi urizina Imana nawe izokwishura.

Kubipfuza kwifadikanya natwe muri groupe ya whastapp twabasigiye link muri commentaire yambere uce winjira maze tubandanye twigishanya.

Ntimwibagire gusangiza abandi izi nyigsiho, no kudukurikirana kugirango hari gishasha twabateguriye ntikozohore kibacoka.

Ariko kandi niwishurwa ntuze wibagire kuza gushingira intahe abandi kuko zigarukanira icizere abandi bari bihebuye bagatangura kwizera no gokomeza guharanira icobakura mu mubabaro bamazemwo igihe kirekire.

Uko Wivura Kuribwa Cane Mu Gihe C'ubutinyanka no gusama, ndetse n'ibindi bibazo bijanye n'imihango,...Reka turabe ibiken...
18/05/2026

Uko Wivura Kuribwa Cane Mu Gihe C'ubutinyanka no gusama, ndetse n'ibindi bibazo bijanye n'imihango,...

Reka turabe ibikenewe.
a. Imizi y'ipera
b.Tangawizi

Ca ubukekagura hanyuma ubishushe mu mazi angana n'iritiro zibiri n'igice mu kiringo c'iminota 30.

Mu kuwufata, unywa igice c'igikombe mu gatondo, ikindi gice ku mutaga ikindi ku mugoroba. Uwu muti uwukoresha guhera umusi ugiye mu butinyanka kugeza uvuyeyo.

Uyu muti uravura ububabare bwose.

MN: Niba udafise umupango wo gusama, ntugakore amabanga y'abubatse adakingiye kuko uranatuma urubuto rw'umugore rusha ndetse n'ibindi bihimba vy'irondoka bikora neza, ntuze utangare rero usanze wasamye atavyo wari witeguriye.

Ushaka kuvandanya ukurikirana n'izindi nyigisho zacu muri groupe ya whastapp ca ufyonda kuti link twasize muri commentaire yambere.

Uno musi tuyage kukijanye no kubura agatiro,...Kubura itiro birababaza cane, kurara udasinziriye kandi ku mutaga ufise a...
17/05/2026

Uno musi tuyage kukijanye no kubura agatiro,...

Kubura itiro birababaza cane, kurara udasinziriye kandi ku mutaga ufise akazi gahambaye ukisanga uriko ugakora urushe.

Bimwe muvyo ushobora gukora igihe ukunze kubura agatiro,....

1. Uza urateka icayi ca clou de girofle ukaza uranywa, ugifashe nk'indwi basha uba watanguye nawe kubona impinduka nziza usinzira nk'abandi,

2. Ikindi naco ufata tungurusumu ukayitonora ugaca uyiraza musi y'umusego: jewe ntimumbaze phenomene iba yahabaye ndabizu uko nyene kandi vyafashije benshi cane, je burya tungurusumu iranyobera, ibaze ukuntu niyo uriko urameneka umutwe uyishira mu matwi maze umutwe ukareka kukubabaza? Irahabambaye cane kandi twaranabonye ko ivura ibintu vyinshi cane.

3. Iyindi nzira yanyuma nayo nyene ntivyoroshe kuyitahura gutyo, ariko ndagerageza kuyisigura.
Yoyo ukora ikintu kirambira ubwonko ukaguma usubizamwo mpaka mpaka, akarorero urashobora nko kuguma usubiramwo isengesho ryarindi nyene mpaka mpaka uza kwisanga wasinziriye, uri nk'umu katolika naho ushobora kwivugira ishapure, ushobora kwisanga wayisinziranye canke uri nk'umu Islam ukifatiraTasbih ukabandanya wisengera.

Ntanze akarorero k'isengesho kugira utume usinzira uriko urasenga ndumva ni navyiza. Gusa simvuze ngo muhindure uburyo mwahora musenga mwo ngo muze murasenga muryamye, oyaaa, wobanza ugasenga uko wahora usenga aho ni akaryo ko guprofitiramwo wabuze agatiro ukaba uriswngera urindiriye agatiro.

Urashobora ariko no kuririmba akaririmbo udasohora amajwi ukaguma ugasubiramwo gutyo gutyo ubwonko burushe uca usinzira, n'ibindi vyinshi wokora ukiyaranja gusa ubwonko bukaguma kuri ca kindi nyene.

Ibi urabitahura cane nk'igihe umuntu ariko ariga ibiharuro, wokwibaza impamvu abantu basinzira murico cigwa ukibaza no babikora babishaka kandi aruko birusha ubwonko.

Kugira ubitahure kandi, kera mu migenzo y'ikirundi hariho uturirimbo baririmbira abana bariko barabasinziriza, bakaguma bakaririmba mpaka mpaka umwana waza kwisanga yasinziriye, sinzi niba babikora babitahura burya abakera bari baciye ubwenge cane.

Mubandanye mugira ibihe vyiza abantu namwe nubu mwabuze agatiro gerageza izi nzira ndazi ntuzodoga.

Ku bantu muba mukeneye kwifadikanya natwe muri groupe ya whastapp aho twama ducisha inyigisho zacu kenshi no kwigishanya link ya groupe iri muri commentaire yambere.

Akandi kantu utari u*i Kokugufasha gusama n'ibindi,...Uri umugore canke umwigeme ariko ufise impungenge zijanye no gusam...
12/05/2026

Akandi kantu utari u*i Kokugufasha gusama n'ibindi,...

Uri umugore canke umwigeme ariko ufise impungenge zijanye no gusama, Canke zijanye n'ama hormones, Canke ndetse ugasanga ufise akagorane mu gihe c'ubutinyanka nko kuza ibinyamanyama, kubabara, kuza uturaso duke,...

Fata urusera uruteke hanyuma bibize uce ubimimina hanyuma uze uranywa agakombe mu gatondo no ku mugoroba guhera umusi ugiriye mu butinyanka kugeza ku misi itanu. Hari abantu mukunze guca mubaza ko atakindi kintu ushiramwo, inyishu ni oya uwunywa uko nyene ata kintu uvanze.

Urusera rurasukura ibihimba vyawe vy'irondoka be n'igitereko, ndetse n'utubazo twose dutandukanye dukunze kubuza umuntu gusama. Rurasukura neza no gutuma ama hormones akora akaja ku murongo ku rugero rushimishije. Ariko kandi ivyose tubikore tubihereza Imana kuko niyo ikiza ikongera igatanga n'ibibondo.

Ku bantu mwikundira gusoma nkenizi nyigisho no kumenya vyinshi, twarazisize hamwe mu gatabu urashobora kuza uravyisomera nawe. Ushaka kumenya uko wonkaronka canke ushaka kubandanya ukurikirana n'izindi nyisho zacu kuri whastapp twabasigiye link yo kwinjira muri groupe kugira tubandanye twigishanya n'ibindi.

Link yo kwinjira muri groupe iri muri commentaire yambere

Yaba Umugabo canke Umugore Ikibazo Kijanye n'intanga zica zisohoka gishobora guturuka kuri bose,...Munkundire ndabice ku...
08/05/2026

Yaba Umugabo canke Umugore Ikibazo Kijanye n'intanga zica zisohoka gishobora guturuka kuri bose,...

Munkundire ndabice ku mayange kuko tuvuze tubisigure mu buryo bwimbitse vyofata akanya.

Gusa ico kibazo kirahari kuko abenshi muri mwebwe barasamye bari bagifise inyuma yo kubarangira umuti, kandi murabishingira intahe ko yabafashije.

Ico kibazo rero kirashobora kuva ku mugabo nk'igihe intanga ziwe zifise ikibazo , aho urumva ku mugabo bisaba yiteho ibifungurwa bikomeza intanga no kugwiza intanga muri rusangi, birashobora no guterwa no kubindi, ariko ic'ingenzi ni kuraba ivyo yokwitwararika gufungura.

Nk'akarorero guteka amababi y'ipera , icayi ca tangawizi, ivyema, amagi, n'ibindi vyinshi bitandukanye twagiye turavuga. Ibi bifungurwa n'umugore arashobora kubifata kugirango amagi yiwe abashe gukomera.

Tukiri aha ku mugabo mumenye neza ko ikibazo c'intanga si c'umunsi umwe, bisaba utangure kwitwararika ivyo ufungura no gufata imiti itandukanye vyibuze amezi atatu canke atandatu niho impunduka ku ntanga ziba zatanguye kwibonekeza.

Ku bagore naho tuvuze ngo dusigure cane mu buryo bwimbitse vyonsaba akanya. Ariko icingenzi nuko igihe mubonako intanga zica zisohoka muhejeje kurangura amabanga y'abubatse maze bikaba vyaratevye ko muronka uruvyaro bisaba mwese mufate imiti.

MN: Ntibisigurako iyo intanga zica zisohoka ko umugore adashobora gusama arasama, ariko hari naho zica zisohoka bikanka ko asama niho uca ubona gukoresha umuti.

Umugore rero imiti ashobora gufata igihe intanga zica zisohoka maze bikaba vyaranse ko asama n'uguteka amababi nka 10 y'umuravumba akayateka mw'iritiro y'amazi akaza aranywa agakombe incuro zibiri ku musi mu kiringo c'imisi indwi.

Umugabo nawe kandi arashobora gufata irobo ya tangawizi akayitonora agaca ayisekura ikanoga neza abaye afise ak**ashine gasya neza akagakoresha. Uca ufata n'irobo ya tungurusumu nyene akayisya nayo ikanoga neza maze vyose hamwe agaca abishira mw'iritiro canke ikiro c'ubuki maze akabivanga neza maze akaza aranywa utuyiko tubiri tw'urwo ruvange mu gatondo be no ku kugoroba, uko abandanya abikora niko inyuma y'igihe aza gusanga ameze neza, uwu muti wowo uranafasha no mubijanye no kwubaka urugo kubo bitagenda neza.

Izi nyigsiho turazitanga ku mpande zose kugirango amahirwe yo kuronka ibibondo abe menshi kubakirindiriye. Ariko kandi bisaba muze murafata umuti mudacika intege, kandi igihe kirekire kuko umubiri wiyubaka gahorogahoro ugafata igihe kugira umuntu amere neza.

Ikindi kandi tutokwiyibagiza uruvyaro rutangwa n'Imana ubu*ima nabwo bukabandanya.

Izi nyigisho zose n'izindi nkenizi twasishize mu dutabu, ubishoboye vyose birimwo mu buryo bwimbitse.

Ubaye ufise ico wipfuza kubaza wotwandikira inbox mu gufyonda aha wa.me/25765622246.

Mubandanye mukurikirana n'izindi nyigisho zacu kuri youtube muciye kuri link tubasigira muri commentaire yambere.

Iki Kibazo c'iIntanga Zica Zisohoka Gifise Abatari Bake,...Ariko Imana ishimwe ko hariho benshi biriko bigenda neza maze...
29/04/2026

Iki Kibazo c'iIntanga Zica Zisohoka Gifise Abatari Bake,...

Ariko Imana ishimwe ko hariho benshi biriko bigenda neza maze bagasana.

Mubandanye mukurikirana n'izindi nyigisho zacu ku rubuga rwa youtube link twayibagiye muri commentaire yambere.

Umucayicayi n'indimu Ico Bivura,...Ico bivura ni infections vaginales na urinaires, bikagarukana ubutinyanka ku bantu bw...
28/04/2026

Umucayicayi n'indimu Ico Bivura,...

Ico bivura ni infections vaginales na urinaires, bikagarukana ubutinyanka ku bantu bwahagaze canke buza nabi nabi, gushira imisemburo ku murongo, birafasha umuntu agwaye hypertension, diabetes, umushish*to gusa aha hoho indimu ugira duke, n'ibindi vyinshi.

Uko ubitegura umucayicayi urawuteka uhiye ugaca uwukura ku muriro hanyuma ugaca uwumiminana, amazi ukuyemwo ukayanyiramwo indimu ukaza uranywa agakombe mu gatondo no ku mugoroba mu ndwi imwe canke zibiri.

Wewe ushaka kuja muri groupe zacu za whatsapp aho twama twigishiriza buri musi, uce winjira uciye kuri link twasize hepfo muri commentaire yambere.

Iki Cigwa ca Sinusite Twaracigishije mu Cigwa Kirekire.Ushaka kumenya rero uko wivura sinusite gikurikirane cose kuri yo...
19/04/2026

Iki Cigwa ca Sinusite Twaracigishije mu Cigwa Kirekire.

Ushaka kumenya rero uko wivura sinusite gikurikirane cose kuri youtube.

Kukiraba rero cose ja kuri youtube uciye aha kuriyi link: https://youtu.be/W6XS_vJIBXU?si=ESjpdMjp_yalvPL7

Duterwa intege buri munsi n'izi ntahe zanyu.Ushaka kudukurikira no ku*indi mbuga zacu nka youtube ca uja muti commentair...
09/04/2026

Duterwa intege buri munsi n'izi ntahe zanyu.

Ushaka kudukurikira no ku*indi mbuga zacu nka youtube ca uja muti commentaire yambere twabasigiye link.

Address


Alerts

Be the first to know and let us send you an email when Irondoka n' amagara Meza posts news and promotions. Your email address will not be used for any other purpose, and you can unsubscribe at any time.

Contact The Business

Send a message to Irondoka n' amagara Meza:

  • Want your business to be the top-listed Health & Beauty Business?

Share